Agriculturehomepage

Haribonekeza ubukene bw’ifumbire muri komine Vumbi

Bamwe mu barimyi bo muri komine Vumbi yo mu ntara ya Kirundo bemeza ko muri kino gihe bafise ingorane yo kuronka ifumbire bagasaba gushigikirwa .Uburongozi bw’intara ya Kirundo burashima utwigoro twbarimyi mu gukura amaboko mu mpuzu ngo barwize umwimbu ariko bagahamagarira abo barimyi gukorera mu mashirahamwe kugira bashobore kuronka ingurane gutyo baheze baronke ifumbire vyoroshe.

Abarimyi bemeza ko bafise ingorane y’ifumbire n’abo muri zone na Komine Vumbi mu ntara ya Kirundo aho bemeza ko ifumbire igoye kuronka ari ifumbire y’ikirundi,ibintu bikunyuka kubadafise igitungwa na kimwe .

Abo barimyi bemezako inyigisho zibahamagarira kuvanga umwavu ugizwe n’amase y’ikirundi n’ayakijambere bazironse yamara bagasanga n’ubu bigoye kuronkera rimwe ubwo bwoko bubiri bw’ifumbire .

Ari naho abo barimyi bahera mukuvuga ko iyo batabije ibiterwa ubwoko bumwe  bw’ifumbire ibiterwa vyabo bitaba bigikura ni ngoga nk’uko bisanzwe .

Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w’intara ya Kirundo Eric Nduwayezu arashima ko abanyakirundo bijukiye uburimyi ariko akabahimiriza kuja mu mashirahamwe kugira boroherwe mukuronka ifumbire ,ari nayo nzira abona ishobora gutuma n’umwimbu wiyongera na cane cane ko yemeza ko isi itaratituka muri ico gice .

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku wa 8 Mukakaro 2024, umushikiranganji w’uburimyi Prosper Dodiko yari yaratangaje ko ikiringo co gutanga amafaranga y’ibanze no gutanga ifumbire vyatanguye Ku wa 11 Mukakaro bizorangira 10 Myandagaro uno mwaka nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687