homepage

Ihiganwa ryatunganijwe n’ishure ryigisha umupira w’amaguru Zoe Academie ryaraye risozerewe

Ihiganwa ryari ryitabiriwe n’imigwi 8,Umugwi Ac Young City akaba ariwo waraye utahukanye iryo higanwa utsinze Umugwi Ac Nderagakura.Aho ni inyuma yokunganya igitsindo kimwe ku kindi,baciye bikora kumapenariti Umugwi Ac Young City ubona gutsinda penariti zitandatu Kuri zitanu za Ac Nderagakura.

Iryo shure ryigisha umupira w’amaguru Zoe Academy ryatunganije iryo higanwa,rikaba ryaritungnije mu ntumbero yo kuraba impano zisanzwe ziri mu mashure y’umupira w’amaguru ngaha mu gihugu cacu no mu ntumbero yo kurondera impano zisanzwe ziri muri urwo rwaruka.

Inyuma y’urukino haratanzwe ubushimwe butandukanye ku migwi yiganjeje neza,ku mukinyi yigenjeje neza no kumukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa.

Abamenyereza babo bana barashimye uburyo iryo higanwa ryatunganijwe bakaba barakengurukiye uwariteguye kandi bakaba bashikirije ko bahigiye ibintu bitari bike.

Naho umugwi wa Zoe Academy watunganije rino higanwa ukaba watsinze impaga umugwi wa UPM FC,uca utahukana ikibanza ca Gatatu.

Umugwi wabaye uwa mbere Young City AC waronse amafaranga 500000 hamwe n’igikombe,uwa kabari AC Nderagakura uronka amafaranga 200000,mugihe ZOE Académie wabaye uwa gatatu waronse akabahasha kamafaranga 150000.

Agashimwe k’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi kahawe umukinyi asanzwe akinira Umugwi Young City AC Malick Hatungimana,Umukinyi yagenjeje neza muriryo higanwa Nawe akaba yavuye mu mugwi Zoe Académie Iradukunda Chris Vivace.

Rikaba ryari ribaye incuro igira gatatu,Iryo Shure ryigisha umupira w’amaguru Zoe Académie,Ubwambere igikombe cari catahukanye Ac Golden boys,ubwakabiri iryo higanwa ryari ryatahukanye Ac Nderagakura.

Par Vincent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686