football

# Indundi Sports | Abahagarikizi babiri b’abarundi nibo bizewe na CAF kuzohagarikira inkino za CHAN 2023

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryizeye abahagarikizi babiri b’abarundi aribo Nimubona Emery wo ku ruhande hamwe na Pacifique Ndabihawenimana ( wo kuri VAR ) kugira bazohagarikire inkino z’igikombe ca Africa gihuza abakinyi bakina mu mahiganwa yabo CHAN 2023 rizobera mu gihugu ca Algerie .

Abo bahagarikizi bari abahagarikizi b’abarundi bahora bizerwa na CAF guhagarikira inkino mpuzamakungu zikomeye , mbere hari naho bihora bishika bagatumirwa mu gihugu ca Libia guhagarikira zimwe mu nkino zikomeye zo muri ico gihugu .

Mwomenyako izo nkino zitegekanijwe kuzotangura igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 180