groups-at-messageInkino

# Indundi Sports |Abakinyi ba 5 b’abanyamahanga nibo bagiye kuza muri Aigle Noire

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro umwaka wa 2020 ,igihe c’isaha umunanani n’igice z’umuhingamo (14h30) Ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB niho  Aigle Noire The Fighters waha amasezerano ( Contract de Travail et Contract de Promotion) abakinyi 17 , abamenyereza hamwe n’umuganga akaba ari na mugenzi wacu w’umumenyeshamakuru w’inkino Jean Claude Majambere batazira Ndudi uzokoresha mu mwaka w’inkino wa 2020-2021.

Muri amwe mu majambo yashikirije n’uwashinze umugwi Aigle Noire ari nawe aramutswa Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reverien Ndikuriyo yavuze ko bakibura abakinyi badahoba hoba(i machine) 8 kugira bakwize igitigiri ca bakinyi Aigle Noire The Fighters izokwifashisha mw’ihiganwa rishasha rigiye gutangura .

Akaba yagize ati ” turacabura imashini 8 kugira dukwize igitigiri ca bakinyi Aigle Noire the Fighters izokwifashisha mw’ihiganwa rikurikira.

Eka ntiyagarukiye ngaho yavuze y’uko muri abo bakinyi 8 babura 5 bazova muri Africa y’uburengerazuba mu gihugu ca Coté d’ivoire abo nabo bakaba bagiye gushika mu Ntara ya Makamba kw’ igenekerezo rya 13 Myandagaro aho indege ya Ethiopian Airline izobanza kubashikana I dar es salaam hama Aire Tanzania ice ibashikana I Kigoma bace baza I Bujumbura .

Abo bakinyi 5 b’abanya coté d’ivoire akaba ari aba bakurikira:

1) Traoré Mohammed
2) Coulibaly Abdel Mohammed
3) Hassane Brousse
4) Koffi Kouassi Bernard
5) Attrgbe Akouani Chris Emanuel

Mwomenya y’uko Umugwi Aigle Noire The Fighters mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2019-2020 wafashe ikibanza ca 3 ukaba ari nawo wari ufise ubusatirizi bwiza gusumba iyindi migwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23