groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Abakinyi ba Haleluya Fc bagiye kwunamira ubwanyuma umukuru w’igihugu

Mugihe abarongozi batandukanye bamaze imisi bishikira ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu ngoro yitire Ntare kwunamira ndetse no  gutanga ubutumwa bwabo bujanye n’ubuzima bwa Petero Nkurunziza yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo.
Umugwi Haleluya Fc wishikiye Ku kirimba kugira nawo utange ubutumwa bwabo .

Mu gitondo co kuri uyu wa gatanu Igenekerezo rya 12 Ruheshi 2020, niho Haleluya Fc wari usanzwe ukinamwo nyakwigendera Petero Nkurunziza ari nawe yawushinze mu mwaka wa 2003, wishikiye Ku kirimba c’umukuru w’igihugu gutanga ubutumwa bwabo mu gitabo c’iteka.

Mukamenya ko Nyakwigendera ariwe yari amaze gutsindira uwo mugwi ibitsindo vyinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23