groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Abakinyi ba Messager Ngozi bahawe akabahasha

Nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye igisata co kumenyekanisha amakuru mw’ishure le Messager Elysée Niyubahwe , kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro 2020, uwurongoye academie le Messager yari yagiraniye umubonano n’abakinyi hamwe n’abarongoye umugwi Messager Ngozi mu nyubakwa za Zoom Hall mu gisagara ca Ngozi .

Honorable Hatungimana Athanase batazira Cokoloko aramutswa ishure ry’umupira w’amaguru le Messager , yavuze ko yari yaje kubahumuriza inyuma yo kubura umuvyeyi wa Messager , Nyakwigendera Petero Nkurunziza . Akaba yashoboye kubashimira arongera aranabakeza cane kubona barifshe mu bihe bitoroshe bagirako baranatahukana igikombe c’ihiganwa .

Yasubiye kandi aranabizeza ko naho umuvyeyi atakihari , borema kuko ibikorwa bizobandanya nkuko vyahora . Yaciye abasaba ko aho bukera boja Ku kivi bagatangura imyimenyerezo ndetse bagasubira gutera iteka le Messager mu gutahukana ikindi gikombe .

Ku bijanye n’abakinyi baronderwa n’iyindi migwi , Athanase Hatungimana yavuze ko imiryango yuguruye , ata nzitizi n’imwe ihari. Ikindi cokoloko yashikirije ni uko hagiye kuba indinganizo nshasha muri Messager Ngozi no muri Academie le Messager muri rusangi. Iyo ndinganizo nshasha akaba ari nayo izoca ikora ibikorwa vyihutirwa harimwo no kwubaka imigwi gushasha .

Umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi Jimmy Ndayizeye yavuze ko imyimenyerezo izotangura Ku musi wa mbere igenekerezo rya 17/08/2020.

Umushingamateka Hatungimana Athanase akaba yaboneyeho no gutanga akaryo ku bakinyi ko kwunamira umuhisi no kumusabira uburuhukiro bwiza.

Mwomenya ko mu ntumbero yo gukeza abakinyi ku gikombe Messager Ngozi yatahukanye , buri umukinyi  yaronkejwe ibahasha ry’amafaranga y’amarundi agera Ku bihumbi amajana abiri ( 200,000 Fb).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23