Umumenyeshamakuru Alain Muhirwe yahora akorera insamirizi buja FM muri kino gihe ntakibarizwayo .
Mu kiganiro Indundi Sports yakoranye na Alain yavuze icatumye atabandanya kuri iyo nsamirizi ngo ni uko igihe cari cageze kuko imyaka 5 n’amezi 7 iramaze rero hari ko hageze ko ahindura .
Alain muhirwe akaba yahambije bagenzi biwe bigeze gukorana muri iyo radio aribo Gisa Steevo , Landry Rukundo hamwe na Kevin Gakiza nabo nyene batakibarizwa muri iyo radio Aho benshi bavuga y’uko icoba catumye abo bamenyeshamakuru bakinjura muri radio buja FM ni ukudahabwa agaciro .
Bose hamwe uko ari batatu muri kino gihe bakaba babarizwa ku nsamirizi Destiny FM bakazoba bakora ikiganiro c’inkino citwa planet Sports .
Mwomenya ko Alain Muhirwe yigeze gukorera ikinyamakuru Indundi Sports igihe kitari gito.