groups-at-messageInkino

# Indundi Sports| Ama miriyoni niyo FFB yinjije mu rukino rwa Gabon

Intererano abakunzi b’inkino baterereye mu kwinjira Ku bwinshi mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za CAN rwabaye mu mwaka wa 2019 , rwahuje Intamba mu rugamba na Gabon yatumye FFB yinjiza imiriyoni zishika hafi 100.

 

Uburyo bungana nabwo nibwo abarundi basabwa guterera mu rukino rwo gusubiriza ruzohuza Intamba na Mauritania igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020.

Ivyo bikaba vyarashikirijwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo mu kiganiro yari yakoranye n’abamenyeshamakuru mu ndwi iheze .

Mwokwibuka ko Intamba mu rugamba kugira igumane icizere co kwitabira inkino zanyuma za CAN isabwa gutsinda Mauritania inkino zibiri zigiye kubahuza mu kwezi kwa Munyonyo.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23