groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Breaking News : Fiston Abdoulrazaq ntacitabiriye urukino ruzobahuza na Tanzania

Umumenyereza w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye ahejeje kumenyesha ko umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazaq atazokwitabira urukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba mu rugamba na Tanzania Ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 gitugutu 2020.

Urwo rukino rukazoba igihe c’isaha icenda (15h)amasaha ya hano iwacu Ku kibuga citiriwe Mukapa kiri I dar es salaam.

Gushika ubu ntawuramenya icoba catumye umugwi NPPI wankira uwo mukinyi kuza gukina urwo rukino.

indundi Sports ibajije Manager Mutima Constatin icoba catumye uwo mukinyi yankirwa kuza gukinira igihugu ciwe, nawe akaba yamenyesheje ko gushika ubu ata mpamvu ni’mwe  aramenya yoba yatumye uwo mukinyi yankirwa kuza gukinira Uburundi .

Twagerageje no guhamagara kumuhora wa Terefone Fiston Abdoulrazaq kugira atange umuco wo gusiba kwiwe muri urwo rukino ariko ntiyigeze atwitaba.

Ico mwomenya n’uko NPPI wo muri Egypt ukinamwo Fiston Abdoulrazaq ufise urukino kuri uno musi Igenekerezo rya 7 Gitugutu 2020 , n’umugwi Al Ahly .

Tukaba tugiye kubatohoreza icoba catumye uwo mukinyi asiba urwo rukino na rirya yari mu bakinyi ntayegayezwa umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ugendako .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23