groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Eric Kirungo yatanguye kuronderwa n’imigwi yo mu Rwanda

Umukinyi wo hagati w’umugwi Olympic Star Kwizera Eric Kirungo atanguye kuronderwa n’imigwi yo mu gihugu c’Urwanda inyuma yo gutsinda igitsindo ciza cane ku ndwi ya 4 ya Primus league arinze gucenga abakinyi nka bose ba Bumamuru.

Ku makuru twarose ava kuwuhagarariye uwo mukinyi avugako imigwi yo hakurya ya kanyaru mu gihugu c’urwanda yatanguye kumurondera ,iyo nayo akaba ari Rayon Sports , As Muhanga hamwe na Bugesera.

Uwo ahagarikiye ibikorwa vy’uwo mukinyi akaba yatubwiye ko batarabaha ivyo bipfuza kugira barabe ko uwo mukinyi ashobora kuja muri umwe muri iyo migwi imwipfuza .

 

Eric Kirungo mu nkino 4 amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 2 vyiza cane .

Mwomenya ko uwo mukinyi yari yarondewe n’umugwi Etincelles ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda ariko munyuma biranka k o bumvikana aca abona kwigumira muri Onlympic Star asanzwe akinamwo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23