groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Espoir Fc yaguze umukinyi yahoze akinira Aigle Noir The Fighters

Umugwi Espoir Fc wo mu gihugu c’u  Rwanda waguze Myugariro avuka kuri Se w’umunya Rwanda nyina akaba  umurundi.

Nahimana Ismail w’imyaka 21 yashize umukono Ku masezerano yo gukinira umugwi Espoir Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’uRwanda mu kiringo c’imyaka 2.

Ismail yahora akinira  Bukavu Dawa  muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo(RDC).

Nahimana Ismail akaba ariwe yari icegera ca Kizigenza w’umugwi Bukavu Dawa ariko kenshi wasanga ariwe abaye Kizigenza kuko niwe yatangura cane mu kibuga.

Yaciye mu migwi ya hano iwacu nka Les lierre akaba ari no mu bakinyi bigeze kuyiduza mu cicaro ca mbere , yasubiye kandi akinira  Aigle Noir The Fighters w’i Makamba avuye mu Burundi yaciye yerekeza mu gihugu c’uRwanda ashikira mu migwi wo mu cicaro ca kabiri Rwamagana city, avuye ngaho niho guca yerekeza mu migwi Bukavu Dawa wo mu gihugu ca Congo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23