groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Fiston Abdoulrazaq yabeshuje amakuru yo kuja muri Rayon Sports

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba Fiston abdoulrazaq ngo ntiharagera ko aja gukinira rayon Sports .

Ivyo akaba yabibwiye Indundi Sports inyuma y’amakuru yaguma akwiragira hose avuga y’uko yoba agomba kwimukira mu mugwi Rayon Sports mbere n’ibiganiro bigeze ku bice 90%.

Fiston agira ati:

” Iyo nkuru siyo nta muntu numwe turavugana avuye muri Rayon Sports si ubwa mbere bavuga ko ngomba nje muriyo sinzi impamvu babikora , hari abantu bamwe bamwe bigeze kumbwira ko noja mu Rwanda , Tanzania , Uganda canke Kenya ariko muri kino gihe ntiharagera ko nkina muri ivyo bihugu vyo muri East Africa kiretse mu myaka izo kurikira “.

Fiston Abdoulrazaq tukaba twashoboye kumubaza icoba catumye atifadikanya n’abagenzi biwe b’intamba mu Rugamba mu rukino rwakivandimwe rugiye kubahuza na Tanzania Ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 Gitugutu 2020, isaha icenda 15h ku kibuga citiriwe Mukapa  akaba atashimye kugira ico ashikirije .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23