groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | hoba habuze bande mu rutonde rw’abakinyi bagiye kwitegurira Mauritania?

 

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 22 Gitugutu 2020, abamenyereza b’intamba mu rugamba baraye batumyeko abakinyi 27 bakina hano iwacu bagiye gutangura imyimenyerezo yo kwitegurira inkino zibiri zizohuza Uburundi na Mauritania .

Muri urwo rutonde ntidusangamwo abakinyi benshi b’umugwi Olympic Star y’imuyinga mugihe aruwo mugwi uri ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa rya Primus league , ukaba ufise abakinyi batarenga babiri gusa .

Uwundi mugwi umaze imisi uriko uritwara neza muri Primus league ni Buja City ufata ikibanza ca kabiri uwo nawo nta mukinyi n’umwe wayo yahamagawe, gushika ubu ntawuramenya ico abamenyereza bacu bisunze kugira bahamagare urwo rutonde, ni ibintu tugiye kubabaza mu misi iri mbere .

Musongati Fc niyo ifise abakinyi benshi ikaba  ifise 6 , igakurikirwa na Aigle Noire ifise abakinyi 5, iyikurikira ni Messager Ngozi na Rukinzo zifise abakinyi 3 kira buri umugwi , Flambeau du centre , Olympic Star hamwe na Vital’o Fc bafise abakinyi 2 kira buri umugwi , Kayanza United na Inter Star buri umugwi ufise umukinyi 1 .

Akaba ari uru rukurikira:

1.RUKUNDO Onesime ( Messager Ngozi)
2.NDIKURIYO Patient (Kayanza utd)
3.WILONJA Ismail(Musongati Fc)
4.NDIZEYE Eric (Musongati Fc)
5.HAKIZIMANA Issa ( Flambeau du centre)
6.NDIKUMANA Dieu Merci( Aigle noir)
7.IRAKOZE Beni ( Flambeau du centre)
8.NIMUBONA Emery ( Musongati)
9.NGABONZIZA Blanchard( Aigle noir)
10.NDIKUMANA Asman (Aigle noir)
11.NAHIMANA Steve ( Vital’o)
12.URASENGA Cedrick Danny ( Messager ngozi)
13.MUGISHA Josué Alberto ( Musongati Fc)
14.NSHIMIRIMANA Ismail( Rukinzo Fc)
15.MASSUD Narcisse( Aigle noir)
16.RAMAZANI Pascal (Olympic star)
17.NDIKUMANA Landry (Rukinzo Fc)
18.BIZIMANA Amissi Coutinho (Rukinzo Fc)
19.MUNYAMPARA Pepe Mangubu (Vital’o Fc)
20.KIREKO Yves (Musongati)
21.NIZIGIYIMANA Ismail (Messager Ngozi)
22.NTIBAZONKIZA Saidi(Yanga africans)
23.IRAKOZE Saidi (Kayanza utd)
24.IRAKOZE Amissi León ( Musongati)
25.MURUTABOSE Hemedi ( Inter star)
26.KWIZERA Eric Kirungo (OLYMPICS STAR)
27.NSHIMIRIMANA JOSPIN (AIGLE NOIR SC)

 

Mwomenya ko imyimenyerezo izotangura Ku musi wa mbere igenekerezo rya 26 Gitugutu 2020 , Ku kibuga ca CTN mu Ngagara .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23