groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Ibintu bikuru bikuru vyatumye Yang Africans yipfuza Cedric kaze


Bimaze kumenyekana ko Umumenyereza w’umurundi Cédric kaze yahora yigisha mw’ishure ry’umupira w’amaguru rya Fc Barcelona la Masia riri mu gihugu ca Canada ariwe agiye kumenyereza umugwi Dar yang Africans wo mu gusagara ca Dar es Salaam .

Mu kiganiro umuvugizi wa Yang Africans yakoranye n’imwe mw’insamirizi yo mu gihugu ca Tanzania, yavuze ko Cédric kaze ari umumenyereza mwiza kandi avuga indimi zitarinke harimwo , Igiswahiri , Icongereza , Igifaransa, hamwe n’iki Espagnol , ivyo navyo bikazofasha , umugwi Yang Africans bivanye n’uko ufise abakinyi bavuga izo ndimi zose .

Yasubiye kandi avuga ko Cédric Kaze Kumenyereza kwiwe muri la Masia bizobafasha kuko bama bakeneye Umumenyereza  azohora yamura impano za kabiri bato ivyananira abamenyereza batari bake.

Cédric kaze akaba aje gusubirira uwo bita Zlatko Krmpotic yirukanywe bivanye n’uko igihe yamenyereza uwo mugwi atamukino mwiza werekana naho waguma utsinda.

Cedric kaze akaba amaze kumenyereza imigwi ya hano iwacu nka Prince -Louis , Athletic na Olympic mugihe mu Rwanda yamenyereje Mukura Victory Sports .

Hampande yiyo migwi yamenyereje yigeze no kuba Icegera c’umumenyereza w’ umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23