groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Icatumye Umurundi yakinira Fc Barcelona aza gukinira Bs Dynamik

Umukinyi w’umurundi afise imyaka 19 Iradukunda Berthelemy afise umuvyeyi umwe w’umurundi n’uwundi w’umunya Rwanda agiye kuza gukinira umugwi BS Dynamik .

Iradukunda akaba yaramaze imyaka 4 yiga umupira w’amaguru mu mw’ishure ry’umupira w’amaguru rya Fc Barcelona la masia.

Icoba catumye aza gukinira umugwi BS Dynamik ni kubera ikiza coronavirus caciye kimusanga mu Rwanda aho yari yasimbiyeyo kuraba umuryango bica biba ngombwa kudasubira muri Espagne mbere na Visa yiwe ikaba yari yarangiye .

Iradukunda Berthelemy yaciye ahitamwo kuza gukinira umugwi BS Dynamik mu ntumbero yo kuguma yikomeza  akanya akirindiriye  Visa yiwe ko  ibonea, nayo iramutse   ibonetse umwanya n’umwanya yoca asubira muri Academy ya Fc Barcelona aho yari asanzwe akina .

Mwomenya ko uwo mukinyi yazanywe na Manager w’intamba mu rumba Mutima Constatin asanzwe ajejwe kugura abakinyi muri BS Dynamik.

Mushobora gukurikirana ikiganiro kivuga izo nkuru hano musi

https://www.youtube.com/watch?v=B8hZe0DcTHg

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23