Uncategorized

#Indundi Sports| Ihiganwa rya Taqball Club ryaraye risozerewe

Umugwi Peace and Sport wo mu gisagara ca Bujumbura ku ruhande rw’abagabo niwo waraye utahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo ku rwerwo rw’igihugu ryaraye ribereye i Bujumbura.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 01 Gitugutu 2022 aho hari haramutse hatunganywa ihiganwa rya Teqball ku ruhande rw’abagabo n’abagore.

Iryo higanwa ryari ryitabiriwe n’imigwi 13 y’abagabo hamwe n’imigwi 4 y’abagore n’iyindi 8 ivanze abagabo n’abagore.

Umugwi Peace and Sport wo mu gisagara ca Bujumbura niwo waraye utahukanye ikibanza ca mbere ku ruhande rw’abagabo utsinze umugwi wa Wisdom w’i Makamba ku maseti 2 kuri 1.

Nayo ku ruhande rw’abigeme umugwi waserukiye intara ya Muyinga niwo watahukanye ikibanza ca mbere mu gutsinda iseti 3 ku 0 umugwi waserukiye intara ya Muyinga .

Ku ruhande rw’imigwi ya Taqball ivanze abahungu n’abagore , Wisdom Taqball club w’i Makamba niwo watahukanye ikibanza ca mbere mi gutsinda iseti 2 kuri 1 umugwi w’ishure ry’akarorero rya Makamba.

David Ndayizeye arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Taqball yavuze y’uko batunganije iryo higanwa ku rwego rw’igihugu kugira baronke abazoserukira Uburundi mw’ihiganwa ryo ku rwego rw’isi rizobera mu gihugu c’Ubudagi mu mpera z’uku kwezi kwa Gitugutu.

Mwomenyako iryo shirahamwe rya Taqball rimaze imyaka ibiri rishinzwe mu gihugu cacu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55