groups-at-messageInkino

# indundi Sports | Iki Nico Berahino yavuze kuri Ntibazonkiza na bagenzi biwe 

Ku musi w’imana igenekerezo rya 10 Gitugutu 2020, niho Umugwi nserukira w’intamba mu rugamba wakina urukino rwa kuvandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania, urwo rukino rukaba rwarangiye Intamba zirahiye Tanzania igitsindo 1-0 , igitsindo cinjijwe na Saido Ntibazonkiza ku munota wa 85.

Inyuma y’urwo rukino Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino yagize ico ashikirije . muvyo yashikirije yavuze ko ashimishijwe n’itsinzi baronse ndetse aranavuga ko rurya rukino rwabahaye icizere co gutegura urukino rwa Mauritanie ruzoba mu kwezi kwa Munyonyo .

Berahano akaba yagize ati:

” Twanezerewe cane twakinanye neza n’abakinyi bakina mu Burundi berekanye ubushobozi bwabo ndazi ko abarundi banezerewe cane itsinzi yari yiwabo uru rwari urukino rwo gutegura urukino rwa Mauritania ruzoba muri Munyonyo uru rukino rero rwaduhaye icizere tuzokora ibishoboka vyose kugira turonke amanota 6.

Abajijwe  ico yovuga Ku bakinyi Saido Ntibazonkiza , Nimubona Emery na Steeve Nzigamasabo bagarutse mu ntamba mu rugamba akaba yagize ati” icambere uno musi wabonye Experience ni kubera abo bakinyi bagarutse turanezerewe kubona bagarutse hamwe na Kizigenza wacu wa kera yagarutse aranatsinda igitsindo”

Intamba mu rugamba mu nkino 11 ziheze zimaze gukina na Tanzania zimaze gutsinda inkino 4 inganya 3 na Tanzania imaze gutsinda 4 inganya 3.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23