groups-at-messageInkino

Ikibuga kizokwakira finale y’igikombe c’umukuru w’igihugu camenyekanye

Hiriwe icanacanako ku mbuga ngurukabumenyi zitandukanye rivuga ko urukino rwanyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu rushobora kuzobera mu ntara ya Gitega ku kibuga citiriwe ingoma ku mugwa mukuru wa politic .

Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB barahakana ayo makuru.

Bakavuga ko urukino rwanyuma rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu ruzobera ku kibuga citiriwe Urukundo kiri mu Ntara ya Ngozi komine Mwumba.

Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bavuga ko hasigaye gushinga umusi urwo rukino ruzoberako ariko bamaze kuvugana n’inzego zibakurira.

Mu kibuka ko urukino rwanyuma  rw’igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka uheze rwabereye I Gitega Ku kibuga citiriwe Ingoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23