groups-at-messageInkino

Impamvu yatumye Mutombola atari muri Staff y’intamba mu rugamba

Kuri uyu w’imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2020 , niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona Urutonde nyezina rw’abakinyi b’intamba mu rugamba bagiye gutangura imyimenyerezo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2020, yo kwitegurira urukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars ruzoba igenekerezo rya 11 Gitugutu 2020, i Dar es salaam Ku kibuga citiriwe Mukapa.

Muri urwo rutonde rw’abakinyi bahamagawe harimwo abakinyi 11 bakina hanze y’igihugu hamwe na 25 bakina mw’ihiganwa rya hano iwacu Primus league .

Icatangaje abantu benshi ni uko umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko atigeze aboneka muri Staff y’intamba mu rugamba izokwerekeza i Dar es salaam ,  ivyo benshi bikaba vyabateye amakenga  baca bibaza y’uko uwo mumenyereza mukuru ashobora kuba yarasezerewe.

Indundi Sports ikaba yaciye irondera umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko kugira atange umuco ku bakunzi b’intamba mu rugamba.

Niyungeko Olivier akaba yashikirije y’uko akiri mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba kuko amasezerano yiwe yimirije kurangira mu kwezi kwa Kigarama 2020. Ndetse aranatubwira y’uko icatumye atari muri Staff y’intamba izokwerekeza i Dar es Salaam ni uko azoba yubatse urwiwe kweli ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Gitugutu 2020 , buca intamba zikina na Tanzania igenekerezo rya 11 ngo  ntakuntu yoca asimba ngo yerekeze i Dar es salaam.

Mwomenya y’uko Alain Olivier Niyungeko kuri uyu wa mbere Igenekerezo rya 28 Nyakanga 2020 ariwe yatanguje imyimenyerezo  y’umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 20.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23