groups-at-messageInkino

Imvo yatumye Aubameyang yongerwa amasezerano muri Arsenal

Kizigenza w’umugwi nserukiragihugu wa Gabon Pierre Emerick Aubameyang yongereje amasezerano yo gukinira umugwi Arsenal wo mubwongereza.

Akaba yashize umukono ku masezerano yo kubandanya akinira uwo mugwi Arsenal mu kiringo c’imyaka 3.

Imvo yatumye yongerwa amasezerano muri uwo mugwi Arsenal ni uko ivyo yasavye vyose barabimwemereye mbere bamwemerera kumuha umushahara wama Paund 250,000 ku ndwi.

Aubameyang akaba yaciye avuga y’uko ashimishwa cane no kuba mu mugwi Arsenal agira ati : “birangiye nongerejwe amasezerano akomeye , ndanezerewe kuba ndi mu mugwi Arsenal. Aha ni muhira ni umunezero kuri jewe. Umusi w’ejo wari umusi munini kuri jewe nipfuza kuba umu legend w’umugwi Arsenal n’igihe nzoba nawuvuyemwo nsige ikimenyetso , ni umwanya w’igihe canje nzorwanira umugwi mpaka”.

Uwo musatirizi w’imyaka 31 akaba yaguzwe mu mugwi Arsenal avuye mu mugwi Borusia Dortmund wo mu budagi mu mwaka wa 2018.

Mwomenya y’uko yari yipfuzwa cane n’imigwi y’indani mu bwongereza ndetse no hanze, aho twovuga nka Real Madrid na Fc Barcelona nabo bavugwa y’uko bari mu bariko barondera uwo musatirizi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23