groups-at-messageInkino

# indundi Sports | Inama ya bose ya Vital’o igiye kuba yoba ariyo guhindura inzego?

Ku musi wa gatandatu Igenekerezo rya 10 gitugutu 2020 isaha 10h00 Ku kigo ca Muse Vivant , niho umugwi Vital’o Fc uzoba wakoze inama ya bose kugira barabe ingene bokwiga ibibazo biri muriwo na rirya umaze imisi utariko uritwara neza .

Mu kiganiro Icegera c’uwurongoye umugwi Vital’o Fc Mukurarinda Evariste yakoranye na mugenzi wacu Arsen Bucuti yavuze ko bategerezwa gukoresha iyo nama kugira baronke ivyiyimviro vya bose yoboneyeho na karyo ko gusaba umukinzi wese wa Vital’o Fc ko yoshika kuri Muse Vivant Ku musi wa Gatandatu.

Mukurarinda Icegera c’uwutwara Umugwi Vital’o Fc muvyo yashikirije  ko uburongozi buhari muri kino gihe bitizewe na bene Umugwi (abafana ) mbere uwo musi nyene uzoba ari umusi wo gutora izindi nzego nshasha z’uwo mugwi .

Mwomenya ko Vital’o Fc kuvaho ihiganwa ritanguriye , mu nkino 5 umaze gukina umaze gutsinda urukino 1 gusa ibishobora kuba vyatumye umumenyereza w’uyo mugwi Emmando Mpotela asezererwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23