UncategorizedInkino

Jonathan Nahimana yabeshuje amakuru amuvurwako

Umunyegori w’Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu Rugamba Nahimana Jonathan arabeshuza amakuru yanditswe n’ikimenyeshamakuru *African Sports Today* avuga y’uko Umugwi wa Nkana Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Zambia wipfuza gusinyisha amaserano umunyegori w’intamba mu rugamba n’Umugwi KMC wo mu gihugu ca Tanzania .

Indundi Sports ikaba yarondeye Nahimana Jonathan kugira atange umuco kuri izo nkuru, akabeshuza avuga ko iyo nkuru atayo azi ahubwo uwo mugwi wamurondeye mu mwaka uheze ariko uwu mwaka ataco abiziko.

Agira ati:

” Iyo nkuru ntayo nzi umwaka uheze niho uwo mugwi wandondeye ariko uwu mwaka nta nakimwe nzi” .

Jonathan Nahimana akaba agiye kurangiza amasezerano n’Umugwi KMC Fc wo mu gihugu ca Tanzania nta numwe aramenya umugwi ashobora kwerekeza mu mwaka uza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55