groups-at-messageInkino

# Indundi  Sports | Ndayiragije Etienne aripfuzwa na Yang Africans

Umumenyereza w’umurundi Ndayirangije Etienne keyahoze yitwa Muzinga ashobora guhabwa amasezerano yo kumenyereza umugwi yang Africans wo mu gihugu ca Tanzania mw’ihiganwa rizokurikira.

Uburongozi bwa Yang Africans buvuga ko ariwe bwipfuza cane ko yosubirira Luc Eymael yirukanywe kubera umusaruro muke.

Ku makuru Mwanaspoti yaronse avuye muri Tanzania ni uko ibiharuro vy’uburongozi bwa Yang Africans bimaze kwerekeza kuri Etienne Ndayiragije,  ndetse n’uwo mumenyereza amaze kumenyesha uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania ( TFF) y’uko yiteguye kuja mu Mugwi yang Africans bivanye n’ivyo yemerewe.

Mwokwibuka ko Ndayiragije Etienne amaze kwandika amateka adasanzwe muri Tanzania yashikana Mbao Fc mu rukino rwanyuma rwa FA mugihe uwo Mugwi wari ukiduze mu cicaro ca mbere, ninawe nyene yafashije KMC ubwa mbere gukina inkino za CAF mugihe uwo Mugwi wari ukiduze mu cicaro ca mbere , yamenyereje Azam Fc umwanya muto aca yipfuzwa n’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars aho naho akaba yari yasinye umwaka umwe gusa nawo ukaba ugiye kurangira mu misi iri mbere.

Hampande yivyo amaze gushikana umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars w’abakinyi bakina mu bihugu vyabo CHAN 2020 mu nkino zanyuma naho izo nkino zitigeze ziba kumvo z’ikiza coronavirus .

Mu Burundi naho yigeze kumenyereza Umugwi LLBS4A arawutwara muri CAF Champions league , amenyereza Vital’o Fc nawo nyene awutwara muri CAF champions League , yamenyereje Les guepiers du Lac ndetse na AC Tanganyika .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23