groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yipfuzwa na CSKA Moscou

Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor yari asanzwe akinira umugwi wo mu cicaro ca mbere muri Hollande Willem, ariko aripfuzwa cane n’umugwi ukomeye wo mu Burusiya CSKA Moscou.

Ironderwa ry’uyo mukinyi rikaba ryanditswe n’ikimenyeshamakuru co mu Bubirigi  WALFOOT .

Mike Tresor akaba afise se w’umurundi ariwe Ndayishimiye Fredy yigeze gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu myaka ya 1995 akaba yarigeze no Kuba mu rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba y’abadashikana imyaka 20 bigeze gukina igikombe c’isi .

Mike Tresor rero muri kino gihe akaba afise ubwene gihugu bw’ububirigi , akaba amaze no gukinira umugwi w’abakiri bato wo muri ico gihugu .

Nabwo biri uko aremewe gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu bakuze , niwe azohitamwo hagati y’umugwi nserukira gihugu w’uburundi canke w’Ububiligi mu mirwi y’abakuze.

Mwomenya ko Tresor asanzwe akina Ku mpande z’ikibuga aho twovuga nko Ku numero 7,11 canke kuri 10 , ihiganwa ryo mu mwaka uheze ryagiye guhagarikwa kubera coronavirus afise ibitsindo 9.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23