groups-at-messageInkino

# Indundi Sports| Ngaba abakinyi ba kera igihangange Maradona cemera gusumba abandi

 

Umukinyi wa kera wa Vital’o Fc Nduwayo Stanley batazira Maradona yavuze abakinyi yigeze kuba yemera mugihe yari akiri umukinyi.

Uwo mukukuruke yabiciye bigacika muriyo myaka yaheze, kuri micro ya Indundi TV yavuze kahise kiwe k’umupira w’amaguru n’imigwi yagiye aracamwo .

Muvyo yashikirije yavuze abakinyi yigeze kwemera gusumba abandi muri Vital’o Fc mugihe yari akiri umukinyi abo nabo akaba ari Mudeyi Gustave , Malick Jabir hamwe n’uwitwa Dumbo .

Mu bakinyi b’inyuma bakunda kumugora cane iyo ari mu kibuga nabo akaba ari Kapten Ally hamwe na François Ngendabanka bakinira umugwi wa Inter Fc .

Nduwayo Stanley muri kino gihe akaba asanzwe aba mu ntara ya Ngozi Komine Mwumba ahitwa Ibuye .

Kurikirana ikiganiro cose yakoranye na Indundi TV ngaha musi 👇🏿👇🏿👇🏿

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23