groups-membership-request-accepted-by-adminInkino

Nsabumukama Enock yasezeye uburongozi bwa Zesco United

 

Umukinyi w’umurundi Sabumukama Enock ntakibarizwa mu mugwi Zesco United wo mu gihugu ca Zambia.

Abicishike ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Facebook Nsabumukama Enock yamenyesheje ko yasezereye uburongozi bwa Zesco United ndetse aranashima intambwe uwo mugwi wamushikanye.

Mu nyuma y’aho umugwi Zesco United nawo nyene washoboye kurungika ubutumwa bwo gusezera no gushimira uwo mukinyi.

Mwomenya y’uko Sabumukama Enock yari amaze ikiringo c’imyaka 3 abarizwa muri uwo mugwi Zesco United , amatwi adusumira ngo ni uko agiye kwerekeza mu wundi mugwi wo muri ico gihugu ca Zambia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 9