groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Olivier Mutombola yoba atakiri umumenyereza mukuru w’intamba?

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 22 gitugutu 2020, mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB baraye bashize ahabona abamenyereza b’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba bagiye gutegura inkino zibiri, Intamba mu rugamba igiye gukina na Mauritania mu ntumbero yo kurondera itike yo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2021.

Abo bamenyereza 5 bagize Staff y’urwo rukino akaba ari aba bakutikira.

1) Jimmy Ndayizeye : Yatwaye ihiganwa rya Primus league 2019-2020

2) Jumaine Haruna : yatwaye igikombe c’umukuru w’igihugu

3) Joslin Bipfubusa : yafashije Aigle Noire gufata ikibanza ca 3 mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2019-2020

4) Alain Olivier Niyungeko Mutombola niwe yahora amenyereza umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba

5) Amidou Hassan : Niwe amenyereza abanyegori

Muri urwo rutonde rw’abamenyereza FFB yashize ahabona ntiyabashije kwerekana neza umumenyereza mukuru uwariwe , benshi bakavuga ko umumenyereza mukuru yoba ariwe Jimmy Ndayizeye abandi nabo bakavuya ko Olivier Niyungeko Mutombola yoba yasezerewe ariko ntabivurwe

Rikaba ari irya mbere Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba utegurwa n’abamenyereza 5 bose ibitari bimenyerewe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23