groups-at-messageInkino

Inkino za Primus league zungurujwe mu ndwi ikurikira kumvo y’ikigandaro

Inyuma y’urupfu giturumbuka rwa nyakwigendera umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru (FFB) ryigije inyuma ikirangamisi c’inkino Primus league nkuko zari zitegekanijwe ku mpera z’ino ndwi ku mvo z’ikigandaro .

Mw’ikete ryanditswe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ,Manirakiza Jeremie amenyeshako ko inkino z’indwi ya 29 z’ihiganwa rikuru rya Primus league zari zategekenijwe kuba ku magenekerezo ya 13 na 14 Ruheshi 2020, zungurujwe ku magenekerezo ya 20 hamwe na 21 Ruheshi 2020.

Muri iryo kete bakaba banditse ko inkino z’umusi wa 30 ariwo wanyuma w’ihiganwa rya Primus league zizokinwa igenekerezo rya 24 Ruheshi 2020.

Bakaba bamenyesheje ko mu nkino zose bazofata umunota umwe  wo kwibuka Nyakwigendera Petero Nkurunziza  yahoze ari umukuru w’igihugu c’u Burundi ndetse n’umukinyi adasanzwe ku rwego rw’igihugu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23