groups-at-messageInkino

#Indundi Sports| Rayon Sports yaguze umurundi ari mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi

Amakuru dukura mu bamenyeshamakuru b’inkino mu gihu c’u Rwanda amenyesha ko Rayon Sports imaze kugura umusatirizi w’umurundi Nihoreho Arsène yafashe ikibanza ca gatatu mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka wa 2019 ushira 2020.

Ayo makuru akamenyesha ko uwo mukinyi yamaze gushira umukono ku masezerano yo gukinira imyaka 2  Rayon Sports benshi bita gikundiro .

Mu kiganiro Arsene yakoranye n’umwe mu bamenyeshamakuru baho, yavuze ko umugwi Rayon Sports awuzi, kandi uzwi no muri East Africa eka n’ abakinyi benshi b’abarundi bigeze kuwukinira baranawugiriramwo ibihe vyiza.

Nihoreho Arsene akaba yari yaguzwe na Olympic Star imukuye muri Rukinzo fc amasezerano yiwe n’uwo mugwi akaba arangiranye n’ihiganwa ryo muri uno mwaka.

Yarangije ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka afashe ikibanza ca gatatu mu gutsinda ibitsindo 17 anafasha na Olympic Star kurangiza ihiganwa uri mu kibanza ca 8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23