bp-members-invitationgroups-at-messageInkino

Sahabo Pariss yavuze imvo yatuma Vital’o Fc ititwara neza mu nkino ziheruka

Inyuma yo kunyagira Rukinzo Fc ibitsindo 4-2 mu Rukinzo rwaraye rusozereye ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka , umumenyereza wa Vital’o Fc Sahabo Pariss yagize ico ashirikiza abamenyeshamakuru bari bishikiye ku kibuga citiriwe intwari .

Pariss akaba yavuze imvo yatuma Vital’o ititwara neza mu nkino ziheruka. Imvo si iyindi ni ukudebukirwa kw’abakinyi inyuma yo gusezererwa mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu aho yasezerewe na Musongati Fc kuma Penalty .

“Nibaza ko habaye kudebukirwa kuko twari twizeye igikombe muri Demi – Final mwarabonye ivyashitse ntitwashoboye gushika muri Final twashaka kwirukira muri Championnat turabe y’uko tuguma muri batatu bambere naho nyene ntivyashitse abakinyi abakinyi babaye nkabadebukirwa ariko ubu twari twabasavye y’uko twoheza championnat tumeze neza”

Abajijwe y’uko yashimishijwe n’ikibanza ca 6 Vital’o yarangijemwo ihiganwa, Sahabo Paris yavuze y’uko cabashumishije bivanye n’uko bari bafise abana bakiri bato .

“Ego cadushimishije bivanye n’uko twari dufise abana bakiri bato ariko twaragerageje turakina turakora iki kibanza kiradukwiriye”

Sahabo Pariss yarangije avuga ihangiro Vital’o Fc ifise umwaka uza naho si rindi ni ugusohoka ugaserukira igihugu kuko ntishobora kumara imyaka ibiri idasohoka.

Mukamenya y’uko umugwi Vital’o Fc wari umaze inkino zishika ku 8 udatsinda n’urukino narumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 24