Uncategorized

Saidi Ntibazonkiza yatowe nk’umukinyi mwiza w’umwaka n’ishirahamwe ry’urwaruka rukunda inkino

 

Nk’uko bizwi buri mwaka ishirahamwe ry’urwaruka rukunda inkino ( Association des Jeunes Sportifs du Burundi ) ryama ritanga ubushimwe ku bakinyi bama bitwaye neza buri mwaka n’abandi batandukanye , iryo shirahamwe ryahisemwo gutora umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza nk’umukinyi w’umurundi yaranze umwaka wa 2020 bivanye n’ingene yitwaye neza gusumba abandi mu nkino z’intamba mu rugamba ndetse n’izumugwi asanzwe akinamwo Yang Africans .

Iryo shirahamwe AJSB rikaba ryanditse y’uko ryateguriye agashimwe keza cane uwo mukinyi , mbere rigasaba Saidi igihe cose azoba yaronse akanya azobarye akara kugira bamushire mu birori vyo gutanga ako gashimwe bikunda kuba mu mpera z’umwaka.

Iryo shirahamwe rirongowe na Cedric Ntimpagaritse rikaba ryashimiye cane Saidi Ntibazonkiza bimwe bivuye kumutima bivanye n’ingabirano afise idasanzwe.

Saidi Ntibazonkiza kuva aho agarukiye mu ntamba mu rugamba mu nkino 3 yakinye yatsinze ibitsindo 4 , mugihe mu nkino zibiri amaze gukinira Yang Africans amaze gutsinda ibitsindo 3 atanga n’umupira uvyaramwo igitsindo ( Assist).

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55