groups-at-messageInkino

Saido Ntibazonkiza mu bakinyi 11 bahiganirwa agashimwe k’umukinyi mwiza

 

Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB baheruka gushira ahabona abakinyi 11 hazotorwamwo umukinyi umwe yaranze ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka wa 2019 ushira 2020, muri abo bakinyi dusangamwo kizigenza wa Vital’o Fc Saido Ntibazonkiza.

Abakinyi 11 bazohiganiwa ico kibanza akaba ari aba bakurikira:

1) Desire Nduwimana ( BS Dynamic )
2) Eric Kwizera ( Olympic Star )
3) Iddy Museremu ( Messager Ngozi)
4) Eric Ndizeye ( Musongati )
5) Jospin Nshimirimana ( Aigle Noir )
6) Saido Ntibazonkiza ( Vital’o )
7) Rukundo Onesime ( Messager Ngozi)
8) Musore Aaron ( Musongati)
9) Bigirimana Abedi ( Rukinzo )
10) Arsene Nihoreho ( Olympic Star )
11) Hamza Ndikumana ( Inter Star

Mwomenya y’uko gutora uca kumbuga ngurukanabumenyi za Facebook, Twitter , Instagram z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Mwomenya y’uko abaza gutorwa bazoca bahabwa ubwo bushimwe ku musi wa Gatandatu i Ngozi mu birori vy’urukino rwa nyuma rwa Finale rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu ruzohuza Rukinzo Fc hamwe na Musongati Fc isaha icenda 15h00.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23