groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza ngo uguhamagarwa kwiwe muri Vital’o ni iguhuma amaso abantu

Inyuma y’ikiganiro n’icegera ca Prezida wa Vital’o Fc Evariste Mukurarinda n’abamenyeshamakuru akabasaba ko bobwira Saido Ntibazonkiza yuko yogaruka mu Mugwi Vital’o Fc , Saido Ntibazonkiza yahavuye yishura izo ndongozi.

Kuri micro na Indundi TV Saido Ntibazonkiza yavuze ko ivyavuzwe n’uburongozi bwa Vital’o ko yogaruka mu mugwi kuko ari umwana wawo kandi ko atawufise ububasha bwo kumwirukana. yahavuye yishura ubwo burongozi mu kuvuga ko ivyo bashikirije ko ari ikinnyoma cuzuye kwari  uguhuma amaso abantu .

Saido Ntibazonkiza akaba atashimye kugira ico ashikirije ku vya baye hagati yiwe n’ubwo burongozi,akavugako ababikiye ibanga kandi umuvyeyi ata makosa yama afise imbere y’umwana.

Mwomenya ko Saido atakibarizwa  muri  Vital’o Fc kuvaho ihiganwa ryo mu mwaka uheze rirangiye, gushika ubu akaba atarashima kuvuga umugwi azokwerekezamwo.

Ikiganiro cose yakoranye na indundi TV wokirabira ngaho musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23