groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Samuel Umtiti yasanganywe Coronavirus

 

Ku bipimo vyaraye bikorewe  umufaransa Samuel Umtiti akina mu mugwi Fc Barcelona  muri iyi ndwi vyererekanye ko uwo mukinyi w’inyuma wa Fc Barcelona yanduye umugera wa Coronavirus .

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’umugwi Fc Barcelona kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 14 Myandagaro 2020, ryavuze ko naho uwo mukinyi arwaye ingwara ya Coronavirus amagara yiwe  atifashe nabi cane akaba agiye gushirwa mu kato (quarataine) .

Kubw’iyo ngwara vyaciye bituma uwo mukinyi ataboneka mu rukino rw’igice ca Kane gishira icanyuma rwa Champions league rwaraye rubahuje na Bayern Munich Aho baraye banyagiwe ibitsindo 8-2 ivyatumye basezererwa muri iryo higanwa .

Umugwi Fc Barcelona ukaba waciye uvuga ko hakwiye gupimwa abantu bose bahuye n’uwo mukinyi kugira barabe ko nabo nyene batona banduye uwo mugera wa Coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23