groups-at-messageInkino

Se wa Mike Tresor yahawe amabanga na FFB

 

kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Munyonyo 2020, niho uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB nyakubahwa Réverien Ndikuriyo yahaye amabanga Freddy Ndayishimiye yo kuba ararondera no gukurikirana ( Scout) abakinyi baba mu mahanga bafise amamuko mu Burundi kugira baze gukinira igihugu cabo.

Fredy Ndayishimiye yigeze gukinira Intamba mu rugamba kera ndetse aranayifasha gukina igikombe ca CAN c’abatarenza imyaka 20 ndetse ndetse n’igikombe c’isi.

Mwomenya y’uko Fredy asanzwe afise umwana wiwe akina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Hollande mu mugwi witwa Willem , mu nama FFB yari yakoze mu misi iheze yo gushimira abaterereye kugira intamba zitsinde inkino zibiri ziheruka, Fredy Ndayishimiye yaratumiwemwo ndetse aranavuga y’uko azokora ibishoboka vyose kugira umwana wiwe amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 20 w’ububirigi ashobore kuza gukinira igihugu ciwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23