groups-at-messageInkino

Indundi Sports | Umukinyi wa mbere w’umurundi yaguze imiduga 30 aha akazi abarundi benshi

Mu myaka ya 2003 , izina rya Juma Mossi ryari izina ry’umukinyi akomeye cane w’umurundi yari rurangiranwa mu makungu.

Uwo yari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka 22 iheze Juma Mossi niwe mukinyi wa mbere ashobora kuba yaraguzwe amahera menshi  ndetse aranagaruka arafasha abarundi, Mossi akaba yaraguze imiduga igera kuri 30 aha ubuzi abantu batari bake bari mu bushomeri .

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV Juma Mossi yavuze ko imiduga yigeze kuzana mu gihugu mu mwaka wa 2003, yahavuye izana impari zidasanzwe .

Juma akaba yari yazanye imiduga ishika kuri 30 igizwe n’izikora akazi ka tagisi , ama bus ashika kuri 5 , ama camionnette ashira kuri 6 n’iyindi ” zari mw’ishirahamwe yise “agance La Favolite”

Mossi akamenyesha ko iyo miduga yayiguze mu bu Yapani, inyuma yo kugurwa muri Dubai mu Mugwi wa Nasser club ”

Mwomenya ko Juma Mossi ari nawe mukinyi wa mbere w’umurundi afise amazu nk’ i kiriri  muri Quartier Asiatique , mw’ijabe, no mu Buyenzi ari naho yavukiye .

Hano mu gihugu yakiniye imigwi ya Vital’o Fc , Union Spoting , Renaissance , akaba yigeze gukina muri Gabon , Qatar hamwe ma Dubai

Mwomenya yuko Juma Mossi muri kino gihe ari muri Staff y’intamba mu rugamba .

Ku bashaka kumenya vyinshi kurikirana ikiganiro hano musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23