groups-at-messageInkino

Umukuru w’igihugu yaraye ahaye umudari w’iteka umuryango wa nyakwigendera Petero Nkurunziza

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2020, ku kibuga c’urukundo kiri mu ntara ya Ngozi ahariko habera urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu rwariko ruhuza Musongati Fc na Rukinzo Fc niho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaha umudari w’iteka umuryango wa nyakwigendera Petero Nkurunziza kubera y’uko yakoze bigashimwa mu guteza imbere umupira w’amaguru mu Burundi.

Kelly Nkurunziza asanzwe ari imfura ya nyakwigendera Petero Nkurunziza niwe yakiriye ako gashimwe.

Mwomenya y’uko nyakwigendera yakoze ibitari bike mu mupira w’amaguru aho twovuga nko kwubaka ibibuga bitari bike, gushikana umugwi nserukira gihugu w’abakuze muri CAN ndetse n’uwabakiri bato, gukina CHAN ubwa mbere n’ibindi bitari bike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23