groups-membership-request-accepted-by-adminInkino

# Indundi Sports | Urukino Saidi Ntibazonkiza azotangurirako gukina rwamenyakanye

Inyuma yo kugurwa n’umugwi Yang Africans wo mu gisagara ca Dar es salaam, urukino umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza azotangurako gukina rwamenyekanye.

Urwo narwo ni uruzohuza Yang Africans hamwe na Dodoma ruzoba igenekerezo rya 19 Kigarama 2020 ku kibuga citiriwe Perezida Mukapa.

Inyuma y’urwo rukino ruzohuza Yang Africans na Dodoma Saidi Ntibazonkiza azoba amaze kwemererwa gukina bivanye n’uko igurwa n’igurishwa muri Tanzania rizokugururwa igenekerezo rya 15 Kigarama 2020.

Umumenyereza w’umurundi Cedric Kaze asanzwe amenyereza Yang Africans yabwiye abamenyeshamakuru y’uko ikintu kinini abakunzi ba Yang Africans bazoryoherwa kuri Saidi Ntibazonkiza ari ubukerebutsi bwiwe hamwe no kwiyemera gukina imipira ya nyuma ituma ibitsindo biboneka.

Saidi akaba yerekeje kumwe n’abandi bakinyi ba Yang Africans mu gisagara ca Mwanza aho Yang Africans igiye guhura na Mwaduwi mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacoma Premier League 2020-2021 ruzoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Kigarama 2020.

Mukibuka y’uko Saidi azokinira umugwi Yang Africans mu kiringo c’umwaka n’igice .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 9