groups-at-messageInkino

# indundi sports | Uyu niwe mukinyi umuhisi Nkurunziza yubakiye inzu amwitirira n’ikibuga

 

Mugihe indundi Tv yama iha icubahiro abakinyi bose bakera bigeze gukora amateka ndetse baranaterera kugira umupira w’amaguru wacu utere imbere twaregereye umwe mu bakinyi bakera bigeze gukundwa cane mu gihugu c’uburundi uwo nawe akaba yitwa Nduwayo Stanley batazira Maradona.

Maradona akaba yavuze kahise kiwe k’umupira w’amaguru n’ingene umuhisi Prezida Nkurunziza yagiye kwitaba Imana asize yamwubakiye Inzu ndetse amwitirira n’ikibuga acitwa Stade Stanley kiri mu Ntara ya Ngozi Komine Mwumba ahitwa Ibuye.

Maradona akaba Yari umwe mu bantu bakuranye n’umuhisi Prezida Nkurunziza ndetse bakaba baranakinanye umupira bakiri Bato.

Mwomenya ko Stanley Maradona ataronkeye izina rikomeye mu mugwi Vital’o Fc hamwe n’intamba mu rugamba akaba yigeze gukina no mu migwi yo mu gihugu c’urwanda nka APR Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23