groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Uyu niwe yoba yari umwami w’ibitsindo mu Burundi no mu Rwanda ?

Ku bantu bakurikiranye umupira w’amaguru wa hano iwacu kera ndetse no mu Rwandamumyaka iheze , bavuga ko Uburundi bwigeze kugira umusatirizi akomeye cane uwo nawe akaba ari uwitwa Mbuyi Jean Marie.

Turavye abakinyi b’abarundi bamaze kwandika amateka mu Rwanda no mu Burundi mu gutsida ibitsindo vyinshi, Mbuyi Jean Marie aracari mu kibanza ca mbere .

Mu kiganiro Mbuyi Jean Marie yakoranye na Indundi TV yavuze amateka yiwe yigeze gukora mu gihugu c’Uburundi n’urwanda .

Mbuyi yavuze ko mu gihe yakina mu Mugwi Vital’o Fc yamaze imyaka 3 yikurikiranya ariwe afata ikibanza ca mbere mu basatirizi binjije ibitsindo vyinshi ico gihe , munyuma yaho yahavuye aja mu Rwanda mu Mugwi w’igisirikare c’urwanda APR Fc naho nyene arahakorerayo amateka mu gufata ikibanza ca mbere c’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi imyaka ibiri yikurikiranye , mu nyuma yaho yaciye yimukira muri Kiyovu Sports yo muri ico gihugu naho nyene yandika amateka mu gutorwa nk’umusatirizi yinjije vyinshi.

Hampande yo kuguma afata ibibanza vya mbere vy’abakinyi binjije vyinshi mu Rwanda no mu Burundi, mu migwi yaciyemwo wasanga ariwe ahabwa igitambara ca kizigenza bivanye n’ubwitonzi bwiwe yerekana mu kibuga .

Mwomenya ko hampande yo gukinira Vital’o Fc , APR Fc , Kiyovu Sports yakinye no muri Oman, Portugal , hamwe na Belgique .

Mushobora gukurikirana ikiganiro cisanzuye yakoranye na Indundi TV hano musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23