groups-membership-request-accepted-by-adminInkino

Yacouba yanse gutanga inimero 10 kuri Saidi Ntibazonkiza

 

Amakuru dukura mu gihugu ca Tanzania kuri Sport Arena avuga y’uko umukinyi yambara inimero 10 muri Yang Africans Yacouba yanse gutanga iyo nimero ku mukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza.

Igihe Saidi Ntibazonkiza yashika muri Yang Africans yari yabwiye Sport y’uko yipfuza inimero 10 yambara Yacouba Sogne ariko bikaba bitagikunze.

Yacouba Sogne akaba yavuze y’uko nawe nyene yipfuza gukoresha iyo nimero na Saidi barayaze bumvikana y’uko bidashoboka y’uko ayimuha.

Manager wa Yang Africans Hafidh Saleh yari yabwiye Sport Arena y’uko bumvise ibisabwa vya Saidi kubera iyo nimero 10 , mbere ivyo bisabwa babishikana kuri Yacouba ariko birangiye bidakunze yo ayitanga, akaba yavuze y’uko baciye bahitamwo guha Saidi Ntibazonkiza inimero 60 ari nayo Saidi yatoye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 9