groups-at-messageInkino

Zinedine Zidane yavuze umukinyi w’inyuma yemera gusumba abandi kw’isi

Umumenyereza w’umugwi Real Madrid Zinedine zidane yavuze umukinyi w’inyuma yemera cane gusumba abandi kw’isi.

Zidane yavuze ko yemera Sergio Ramos gusumba abandi bakinyi  kw’isi, akaba ari umukinyi amenyereza mu Mugwi Real Madrid .

Ivyo akaba yabivuze Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 21 Ruheshi 2020, inyuma yaho Real Madrid wari uhejeje gutsinda Real Sociedad ibitsindo 2-1 mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Espagne Laliga.

Muri urwo rukino Real yatatahukanye intsinzi, ibitsindo bibiriri vy’uwo mugwi vyinjijwe na Sergio Ramos kizigeza wa Real Madrid hamwe na Kharim Benzema .

Zidane akaba yagize ati” kuri Jewe Ramos ni umukinyi w’inyuma wa mbere akomeye kw’isi gusumba abandi , hariho abakinyi b’inyuma benshi beza, ariko ivyo Ramos amaze gukora mu myaka itari mike birashimishije”

Arongera ati:

” Ndamuzi kuko twigeze gukinana imigenzo yiwe yerekana ko buri umwanya yama agerageza gukora cane”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23