footballhomepage

Intamba mu rugamba zaraye zitsinze Seychelles

Inyuma yo kunganya n’igihigu ca Kenya , Uburundi bwaraye butsinze igihigu ca Seychelles.

Hari kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 12 Ruheshi 2024 , niho umugwi nserukira gihugu wa Seychelles wari wakiriye umugwi nserukira w’Uburundi Intamba mu rugamba mu rukino rw’unusi wa 4 rwo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026. Urwo rukino rwarangiye Uburundi butsinze ibitsindo 3-1.

Sudi Abdallah niwe yatanguye kwinjiza igitsindo c’Intamba mu rugamba ,mugihe ibindi bitsindo bibiri vyinjijwe na Kanakimana Bienvenue .

Uburundi bukaba buri mwitsinda rya F n’amanota 7 inyuma ya Côté d’ivoire ifata ikibanza ca mbere, Gabon hamwe na Kenya .

Mwomenyako Uburundi mu nkino zose zishika kuri 7 bumaze gukina na Seychelles nta musi n’umwe Ico gihugu kirigera gitsinda Uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 801