Entertainment

Inyuma yaho Edith avyemeje na Chany Oueen aravyemanze

Chany Oueenl n’umuririmvyikazi wa kera mu mwuga wo kuririmba amazemwo imyaka itari mike amazina yahawe n’abavyeyi Ni Gitare Chanelle Monia.

Murugendo rwiwe rw’umuziki yatanguranye na Lolilo munyuma araja mu murwi the cousin, uwo murwi
wari ugizwe na R flow Bamson na chany Oueen.

Mu nyuma yokuba uwo muri uwo murwi utakicumvikana yahisemwo gukora indirimbo ziwe kugiti ciwe

Nubwo biri uko yagumye atagaragara cane ngo ibikorwa vyiwe biboneke k’umwanya, ivyo bikaba vyatumye bamwe nabariya mu bakunda ibikorwa vyiwe bihebura ko yoba yarahevye umuziki.

Ntibikiri ibanga rero ngo agiye kurekura album yiwe Ivyo vyabanje kwemezwa na Kimana Edith aramuswa Bantu bwoy.
Igenekerezo rya 2 Munyonyo 2022 Chany Oueen abicishije kumbuga ngurukana bumenyi nawe yavyemeje
Yanditse agira ati:”Nshaka mbone abari bankumbuye ijwi ryanje muri comentaire twandike Colors.
Colors album.

Tubandanye turindiriye ryari izosohoka, indirimbo zizoba ziyigize uko zingana, vyose tuzobibamenyesha ngaha,
tunabibutsa ko uwo muririmvyi yavutse igenekerezo rya 3 Munyonyo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332