BurundiEntertainmenthomepagekirundi

CARAVANE DU RIRE ya Senganzi ni mu kwezi kwa 12

Mu misi iheze umumyarwenya Machael Senganzi yari yamenyesheje ko ariko akora cane ngo bikunde ko Igikorwa asanzwe ategura ca CARAVANE du Rire cosubira Kandi gukoreka.

 

Ku musi w’ejo, uwo munyarwenya yatanze icizere mu gusangiza abamukurikirana Cover canke urupapuro ndangagiteramo rubwira abantu ko ico gikorwa kizoba.

Uwo mugabo afise ubwenegihugu bw’Uburundi n’ubw’Urwanda, yavuze ko ico gikorwa kizoba mu kwezi kwa 12, naho hataramenyekana amatariki nyezina.

Iyo Festival izoba ibaye ku ncuro yayo ya 2, ikazoca mu bihugu 3 arivyo Uburundi, Urwanda na Congo. I Bujumbura ikazoba Ari BUJA LOL, I Kigali ikazoba yitwa KIGALI international Comedy festival nayo muri Congo ikazoba Ari Festival Zero Polemik

Mu mezi aheze, Senganzi yari yamenyesheje ko yipfuza ko inyuma y’igikorwa cobereye i Kigali aho hazoba harimwo aba Comedian bavuga icongereza n’igifaransa, ab’i congereza bobandaniriza muri Uganda, ab’igifaransa nabo Boca babandaniriza i Burundi no muri Congo.

Ico gikorwa ca Caranave du Rire kikaba cegeranya aba Comedien bakomeye bava mu bihugu bitandukanye muri Afrika, ariko Kandi hagahabwa akaryo abo mu bihugu baba bariko bakoreramwo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758