Entertainmenthomepage

Isabukuru Dukunde Uburundi rije gutsimbataza akaranga

Nkuko twagiye turabibamenyesha mu makuru yacu yaheruka, Irebe Company ifadikanije na Radio Télévision nkuru y’igihugu (RTNB)

babateguriye isabukuru bise” Dukunde Uburundi”

Imirwi ndangakaranga n’abaririmvyi baririmba ivy’akaranga gusa nibo bazobonekamwo aho turavuga umugwi Amagaba,abavuzi b’ingoma barongowe na Dunia Abedi,Bernice the Bell,Ngabo Léonce n’abandi….ndetse n’umuririmvyi aserukira Irebe company August Burundi azoba y’ishikiye mu gihugu ciwe c’amavukiro tutibagiye naba comédien nka Kigingi na Mutima le comédien

Bikazoba igenekerezo rya 19 Myandagaro 2023 muri Arena Club igihe c’isaha 12 zo kumugoroba iryo sabukuru rikazoba riraba uko umwaka utashe mu ntumbero yo kwibutsa abarundi gukunda igihugu cabo, kumenya ubwiza bw’igihugu,ico Uburundi butunze bwokwiratira mu makungu, no kumenya ko kuba Nyamwigendako ataco upfa wimariye basenyere ku mugozi umwe kuko bonse rimwe ibicurarangisho kavukire bihabwe ikibanza kinini mugihugu

Ivyo vyose ukazoshaka ku bimenya ntuzotangwe kw’ishikira muri ryo sabukuru

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763