BurundihomepageIKIRUNDI_newsPolitique

Keffa Nibizi yatowe kubadanya ayobora umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri

Keffa Nibizi yatowe kubandanya arongora umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye mu kiringo kingana n’imyaka 7 iri imbere.

Mw’ikoraniro risanzwe (Congrès ordinaire) ryatunganijwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Rusama 2021 i Bujumbura, abari baryitavye basubiye kwizera Keffa Nibizi yahora arongoye uwo mugambwe ngo abandanye awurongora mu myaka indwi iri imbere. Iyo myaka ikaba yabanje kuduzwa ikurwa kuri itanu yahorako bamaze guhinyanyura amategeko ntunganya-mugambwe.

Muri ayo matora yabereye ku mugaragaro, abayitavye bagera ku majana atandatu na cumi n’umwe (611), aho mu kibanza co gutwara uwo mugambwe cariko gihiganirwa n’abantu babiri aribo Keffa Nibizi yatahanye amajwi 546 ni ukuvuga amajwi 89 n’ibice 3 kw’ijana hamwe na Sindayigaya Gilbetr yaronse amajwi 60 ni ukuvuga amajwi 9 n’ibice 81 kw’ijana. Amajwi yabaye impfagusa yabaye 5 n’ukuvuga ibice 81 kw’ijana (0,81%).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717