Uncategorized

Lolilo isango yari yaduhaye ryabaye ntabanduka

Lolilo Simba ni umuririmvyi wa kera kuwa mu myaka 2000 niho yatanguye kumenyekana kuri Album yiwe yitwa “Wivu”. Vyari bigoye cane kugira ukore umuziki umenyekane kuko atambuga ngurukanabumenyi zari bwarwire mu gihugu c’Uburundi.

Ikiryoshe kandi gishimishije n’uko atigeze acika intege gushika ubu umuziki ntarawuhemukira abandanya ariko arakora, mbere akaba afata iya mbere nk’umuririmvyi afise indirimbo nyinshi na collabo mpuzamakungu.

Aheruka guhamagarira abakunzi biwe bari i Dubai y’uko vuba agiye kubashwaramo, imvugo rero yabaye ingiro igenekerezo rya 26 Gitugutu 2022 niho yafata rutemikirere yerekeza i Dubai aho azoteramisha abantu mu bibanza bibiri bitandukanye igenekezo rya 29 Gitugutu hamwe n’igenekerezo rya 5 Munyonyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55