Diasporakirundi

Jampala Bata Lion ivyo akorera Hollande agiye kubikorera i Burundi

Jampala ni umuririmvyi wa Raggae yavukiye i Bujumbura muri zone Buyenzi ariko ubu aba muri Hollande.

Igenekerezo rya 25 Gitugutu 2022
yari yahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru
kugira bayage ku giteramo ariko arategura.

Ni urukurikirane rw’ibiteramo yatanguye gukora kuva 2020 ubwa mbere yagikoreye i Gitega ubwa kabiri mu Kinama kukibuga c’umupira w’amaguru. Igenekerezo rya 29 Gitugutu 2022 kuri Miki Bar impande ya Lycée du lac niho agiye gukorera igiteramo ciwe ku ncuro igira gatatu.

Intumbero y’ico giteramo ngo ni uguteramisha abarundi mu muziki wa Raggae no gushimira incungu z’uburundi Ndadaye na Rwagasore
Icivugo ni “Tribute to our Burundi heroes”. Kwinjira azoba ari kubuntu ni kuva isaha cumi na zibiri.

Yarangije asaba abarundi kubandanya bamushigikira kuko yama ariko arasohora indirimbo nshasha kuri YouTube yitwa “Jampala Bata Lion”. Hakubitire wumvirize indirimbo z’uwo muririmvyi w’umudiho wa Raggae.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470