Uncategorized

#Lops ngo ni twambare neza kuko kuberwa arivyo bigize isi

NIYONKURU HUSSEIN KALUTHA niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba azwi kw’izina rya Lops Miraculo aba muri commune ya Buyenzi

 

Benshi batanguye ku mumenya cane kuko yari hafi n’umuhisi Karim Babel akiri Mu bitaro akaba ari nawe yaramurwaje ndetse akaba nawe yamutabariza irya n’ino kugira aronke ubufasha kubw’ingwara y’ama fyigo yari imusinzikaje.

Lop’s Umuraba ubona kwari umuririmvyi ashira umwete cane mu ndirimbo ziwe zikanakunda, kuba ziri no mu rurimi rw’igiswahili.

Indundi magazine ikaba yashatse kumenya vyinshi kuri uwo mu nyabuhinga, akaba yatubwiye ko yatanguye umuziki muri 2006, mu nyuma yaho amera nk’uwuhagarika ku mvo z’ubuzima atashimye kuvuga umwaka wa 2014 aba aragurutse.
Ubu afise indirimbo zirenga 15.

Akaba aheruka kurekura indirimbo izwi kw’izina rya “Sape”(bisigura kuberwa) avugamwo amajambo ahamagarira umuntu kuberwa ngo nivyo bimugize.

Nayo abajijwe akamaro abona mu muziki yatubwiye kw’ariwo umubeshajeho ararya ,akambara ,akariha inzu vyose akaba abikesha umuziki

Ikibazo twasubiye kumubaza duti none abavuga ko umuziki utariha wewe ubabwiriki?
nawe ati :”Ngo nturiha ukobitegekanijwe, mugabo hari inzira nyinshi bacengeteramwo bikakubeshaho

Nayo abajijwe impamvu atavuga ikirundi kandi ari umurundi yishuye agira ati :”Papa wanje n’umurundi ariko mama wanje ni umu Tanzaniya kazi kandi jewe nabanye cane na Mama wanje niyo mpamvu ikirundi kingora.”

Lop’s akaba atariwe mu ririmvyi we nyene w’Umurundi, aba mu burundi, atavuga ikirundi , ibigoye gutahura aho abenshi mu banyamahanga baba mu Burundi bavuga ikirundi neza kandi batanahavukiye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55